Umushikiranganji w’ubutungane 𝐀𝐫𝐭𝐡𝐞́𝐦𝐨𝐧 𝐊𝐚𝐭𝐢𝐡𝐚𝐛𝐰𝐚, abogojwe atarengeje amezi 5 gusa muri ayo mabanga. Bivurwa ko azize umuriro wo kutumvikana uri hagati ya Ndikuriyo Reverien na Evariste Ndayishimiye

Yari et agerageje kwihagararako no gukora ku neza y'abarundi n'igihugu, ariko bamukuye atamaze n'akabiri. Uwo ni umushikiranganji 𝐀𝐫𝐭𝐡𝐞́𝐦𝐨𝐧 𝐊𝐚𝐭𝐢𝐡𝐚𝐛𝐰𝐚 yahora ajejwe ubushikiranganji bw'ubutungane, agateka ka zina muntu n'iterambere ridakumira. Mugihe yari étonne amezi 5 gusa, nous namugenziwe 𝐉𝐞𝐚𝐧 𝐂𝐥𝐚𝐮𝐝𝐞 𝐍𝐳𝐨𝐛𝐚𝐧𝐞𝐳𝐚 nawe yahora atwara ubushikirangaji bujejwe inyubako, uburaro n'ukwunguruza abantu n'ibintu, bakaba bahejeje kubogozwa kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu ryo kuri uyu wa 23 Nzero, 2026.
Mugihe rero uwahora ari umushikiranganji w'ubutungane, 𝐀𝐫𝐭𝐡𝐞́𝐦𝐨𝐧 𝐊𝐚𝐭𝐢𝐡𝐚𝐛𝐰𝐚 yasubirijwe na 𝐀𝐥𝐟𝐫𝐞𝐝 𝐀𝐡𝐢𝐧𝐠𝐞𝐣𝐞𝐣𝐞, uwahora nawe ari umushikirangaji ajejwe inyubako, uburaro n'ukwunguruza abantu n'ibintu, 𝐉𝐞𝐚𝐧 𝐂𝐥𝐚𝐮𝐝𝐞 𝐍𝐳𝐨𝐛𝐚𝐧𝐞𝐳𝐚 yasubirijwe n'uwitwa 𝐃𝐚𝐦𝐢𝐞𝐧 𝐍𝐢𝐲𝐨𝐧𝐤𝐮𝐫𝐮.
Abo bashikiranganji uko ari babiri mubagize Reta ya 𝐍𝐞𝐬𝐭𝐨𝐫 𝐍𝐭𝐚𝐡𝐨𝐧𝐭𝐮𝐲𝐞 bahejeje guhindurwa hasigaye umunsi umwe gusa kugira ngo hakorane ikoraniro kaminuza ry'umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, ari nawo wari wabashize murivyo bibanza hariko haribazwa hongera havurwa vyinshi.
Bamwe bati, ntagukeka 𝐀𝐫𝐭𝐡𝐞́𝐦𝐨𝐧 𝐊𝐚𝐭𝐢𝐡𝐚𝐛𝐰𝐚, akuwe kubera umuriro wo kutumvikana biriko biraba hagati ya Ndikuriyo Reverien umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD hamwe na Evariste Ndayishimiye umukuru w'igihugu c'uburundi akaba n'umukuru w'inama y'inararibonye muri uwo mugambwe uri kubutegetsi.
Sikera tubitege amaso.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









