Kuba Imbonerakure Aimé Irambona yagizwe umuyobozi ajejwe ibijanye no gutunganya ibisagara muri OBUHA, kandi yabwirizwa kuba ariko arakwirikiranwa n’ubutungane kumuntu yagandaguye, ngo n’ikindi kimenyetso cerekana ko bikenewe ko abarundi bahaguruka bagahar

Nkuko biboneka mw'itegeko inomero 100 agakwego kamanuka 003 ryo kuri uyu wa 28 nzero 2026, Aimé Irambona yagenywe kuba umuyobozi ajejwe ivyo gutunganya ibisagara . Aimé Irambona yari yahagaritswe ku wa 26 Kigarama 2020 ari kumwe n'abakozi biwe bakaba bari bagandaguye umuntu n'amahiri batako barondera no kuzimanganya ikiziga ciwe.
Naho yari yaciriwe gupfungwa imyaka ine agatako akariha n'amande, Ariko uwo yahoze ari icegera c'umukuru w'imbonerakure mu ntara ya Gitega ntiyamaze mu munyororo akanya bitewe nuko yari Imbonerakure akongera akaba n'incuti y'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye. Itariki 29 z'ukwezi kwa Ruheshi mu 2022 yaciye arekurwa arataha.
Mu gihe yahagarikwa Aimé Irambona yari asanzwe ari icegera c'uwutwara imbonerakure mu ntara ya Gitega, akaba kandi yari ajejwe ivyo gutunganya ibisigara mu ntara zo hagati n'ubuseruko bw'igihugu. Yari n'umurwizatunga, mbere anafise akabare mu gisagara ca Gitega, ku masanganzira y'ibarabara rija kuri messe des officiers no ku Mushasha, hafi y'ibiro vya Mutuelle de la Fonction Publique muri karitiye Kirimiro ari naho yagandaguriye umunyagihugu yari n'imbonerakure. Mukumwica bamwagirije ko yivye ama "carreaux".
Abumvise igenwa rya Aimé Irambona bavuga ko baguye mu gahundwe. Batangazwa no kubona Evariste Ndayishimiye yagenye mu mabanga ahambaye umuntu yabwirizwa kuba ariko arakwirikiranwa n'ubutungane ngo mu gihe hari ibitigiri vy'abanywanyi b'imigambwe MSD na CNL bapfunzwe bazira kuja mu myiyerekano yahakana ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cari kinyuranye n'amategeko batarekurwa, uwishe umuntu akarekurwa agatako akabishimirwa muguhabwa amabanga akomeye mu gihugu.
Ku bwabo banyagihugu igenwa rya Aimé Irambona ngo n'ikindi kimenyetso ko ubutungane butakivurwa mu Burundi, ongo birakenewe ko abarundi bahaguruka bakabuharanira.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









