• Home
  • ACTUALITÉS
  • Inyuruzwa rya Etienne Ndayitwayeko yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine Buraza y'intara ya Gitega mu ndinganizo ya kera y'ivy'intwaro mu Burundi rifise imizi kure

Inyuruzwa rya Etienne Ndayitwayeko yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine Buraza y'intara ya Gitega mu ndinganizo ya kera y'ivy'intwaro mu Burundi rifise imizi kure

 

Umukuru w'umugambwe CNDD-FDD muri Komine Buraza, Congera Philippe, yahora atoza amafaranga abanyagihugu bafise impapuro z'amatongo bashaka gusinyisha muri Komine kugira azibajanire. Birahava biramenyekana ko atazijana muri komine buraza ahubwo afise ibikoresho mu rugo iwe agaheza akabikorera aho mu rugo iwe akaziterako ikidodo ca magendu, ahejeje akaziha benezo.

Etienne Ndayitwayeko nk'umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa wa Komine Buraza étonne kubimenya yabibwiye Musitanteri wa Komine Buraza, Niyongabo Desire batazira Mudandaza. uwo nawe ngo yamwishuye ko yobireka ati : nduguruye twa mugina. « Erega ivyo Philipo abikoze imyaka myinshi kuko no muri mandat ya 2015 Musitanteri Rutozi Didace yari yarabimenye arinumira kandi vyatumye bakorana neza ». ndugaye twa mugina.

Akoresheje amajambo yahora akunda kuvuga, etienne ndayitwayeko hari akajambo yahora akunda kuvuga ya jewe nk'umu patriote, ngo yaciye yishura Musitanteri Desire Niyongabo ati : nduguruye twa mugina. « Nk'umu patriote, ivyo sinobireka, nopfuma ndabizira » ! ndugaye twa mugina. 

Abonye Musitanteri Desire Niyongabo ashatse ko barenzako uruho rw'amazi ivyo bikorwa bigayitse vy'uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri Komine ya Buraza, Philippe Congera, Etienne ngo yaciye asimbira i gitega. ong ntawuzi abo yaciye yitura. bukeye bwaho yari yabibwiye Musitanteri Desrire Niyongabo, bagiye babona igipolisi kijejwe kurwanya igiturire gifashe Congera Philippe kimutwara muhira iwe kihasanga imashine, impapuro ziteyeko ibidodo musi gusa, en bas de page mu kinyamazuru n'ibindi bikoresho yakoresha amanyanga yiwe aca ajanwa gupfungirwa i gitega mbere n'i bujumbura mu mpimba ku musaga yarahageze.

Etienne Ndayitwayeko aca asaba abanyagihugu bose Philippe yari yarivye bazane impapuro yabahaye nk'uko komisariya ijejwe kurwanya igiturire yari yabisavye, haca haboneka impapuro zegera gato igihumbi. bagiye kuraba kuri konte ya Congera Philippe basanga iriko imiriyoni 60 haca hakurwamwo imiriyoni 17 kugira izo mpapuro z'abanyagihugu zose zisubirwemwo n'uwubifitiye ububasha.

Impapuro zaraubiwemwo ariko amakuru ava muri zone butezi Congera Philippe yatwara CNDD-FDD muri Komine Buraza yavukamwo, yemeza ko abanyagihugu baho babwiwe ko uwuzohirahira akaja muri Komine kuzitora azokwibonerako. ico gihe Philippe Congera yapfunzwe ukwezi kumwe gusa aca ararekurwa adaciriwe urubanza kubera ibihangange vyo mu mugambwe CNDD-FDD vy'i gitega vyabigizemwo uruhara, n'ubu urwo rubanza ntiruracibwa kandi haheze imyaka itanu.

Congera Philippe étonne kurekurwa, hakozwe ibintu vyinshi cane atawobidondagura ngo abimare kugira Etienne Ndayitwayeko akurwe mu kazi. Icatunze Etienne mu kazi nuko yavuga ukuri, akakuvugira ku mugaragaro, nta giturire yarya mu bijanye n'akazi kandi yakundwa cane n'abanyagihugu batobato. ikindi camutunze ngo nuko Musitanteri bakorana atagomba kwemera ivyo bamutuma vyose kwegeka kuri Etienne Ndayitwayeko : ivy'ibidodo, kugomba kwicana, kwiba ibikoresho vyo kwubaka ikibuga, gupfunga abakuru b'imitumba ngo bemeze ko ivyaha bakoze babikoranye na Etienne n'ibindi. ariko ivyo vyose ngo ntaco vyamugize kuko ata kuri kwari kubirimwo ngo naho mu mpera za mandat yatinze araremerwa atangura nawe kuza aremera gukora bimwe kugira arabe ko azohabwa ikindi kibanza mu butegetsi bufatiye ku ndinganizo nshasha y'intara n'amakomine.

Rutozi Didace yahoze atwara komine buraza na Congera Philippe yatwara umugambwe CNDD-FDD muriyo Komine ngo bahavuye baronka umucunguzi abakurako Etienne Ndayitwayeko nkuko amakuru ava mu banywanyi ba CNDD-FDD i buraza abandanya abivuga. uwo nawe ni Ntawukirishiga Charles yaje kurongora umugambwe muri Komine yagutse ya Gishubi , akaba uyu musi ariwe yagirizwa kuba kw'isonga ry'iburwa irengero rya Etienne Ndayitwayeko.

Ubwoba bukaba ari bwinshi mu banywanyi ba CNDD-FDD i buraza bumvise ivyo vyakorewe Etienne Ndayitwayeko kandi akabikorerwa n'abategetsi b'umugambwe CNDD-FDD nyene. sur banywanyi ba CNDD-FDD bavuga ko batakigira n'uwubatabara, bagasaba abarundi bose mu butandukane bwabo kuja hamwe bikureko intwaro ya CNDD-FDD kuko ngo ntibari bazi ko bakurikiye abicanyi.

Ni inkuru ikibandanya !

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !