Irambona Aimé yaraye ashinzwe amabanga akomeye, ntarangwa no kwica gusa, ni n'umunyonyezi adahangarwa. Iruhande yo kuba yarafatanywe ikiziga c'umukozi wiwe ariko ntiyahanwa, yarambuye abanyagihugu b'i Gitega bagera kuri 98 amafranga agera hafi ku muliyari

Yambonerakure Aimé Irambona, yaraye agizwe umuyobozi ajejwe ibijanye no gutunganya ibisagara muri OBUHA, ntiyakoze gusa amahano yo kwica abanyagihugu nkuyo yafatanywe yari agiye guta muri Ruvyironza ahejeje kumugandagura, ahubwo hari n’abanyagihugu bagera kuri 98, yambuye amafaranga yabo mugihe yari agitwara urbanisme i gitega, mu kubaha amaparasera mu gisagara ca Gitega muri Karera ya gatatu, muri kino gihe bakaba bifumbureje, kuko baciwe amande y'umuriyoni (1.000.000 FBI), bagirako babasaba ko bitegurira kuriha gushasha izo parasera muri OBUHA.
Nkuko amakuru twakuye ku murwa mukuru wa politike i Gitega abivuga, uyo muyobozi mushasha ajejwe ibijanye no gutunganya ibisagara muri OBUHA, mukunyaga no kwambura abo banyagihugu, ngo yabahaye ivyemeza ko baronkejwe amaparasera ivyo bita (attestations de possession de parcelle), yamara ngo ntacemeza ko barishe amafaranga yigeze aha umuntu numwe ivyo bita quittance.
Vyumvikana ko abo bantu yabahaye ibibanza vyo kubakamwo, yamara amafaranga akikubitira ku winyuma. Ivyo bikaba vyabaye imbere y'itariki 26 Kigarama 2020, Aimé Irambona atarahagarikwa co kimwe n'abakozi biwe igihe bari bahejeje kugandagura umuntu n'amahiri bagatako bakarondera no kuzimanganya ikiziga ciwe.
Nkuko ayo makuru twaronse abandanya abivuga, buri mu nyagihugu muri abo baronse ivyo bibanza vyo kubaka uko ari 98 mu gisagara ca Gitega muri Karera ya gatatu, yishura amafaranga agera ku miriyoni cumi (10.000.000) z'amafaranga y’amarundi. Duciye duteranya dusanga yivye abanyagihugu imiriyoni zigera ku majana icenda na mirongo umunani 980.000.000Fbu, akubita ku winyuma atacamira.
Twagerageje kubaza abaduhaye amakuru, igituma abo banyagihugu batituye ubutungane kandi bari basanzwe bafise n'ivyemeza bahawe n'uwo mutegetsi, batwishuye ko ivy'igihugu kirongowe na cndd-fdd bigoye. Ngo baretse kwitura ubutungane kugira bakize agatwe.
Nayo ku kibazo c'ingene amafaranga bayamuhaye mu ntoke kandi bategerezwa kuyajana muri Banki, bagaheza bakajana mu biro iwe ivyemeza ko bishuye bita bordereaux, abo banyagihugu batwishuye ko yabasaba kuyamushira bakayamuha mu ntoke, ngo nawe akazoja kuyirihira. Yamara ngo bararindiriye amaso ahera mu nzira. Ico yabahaye gusa, ngo yabazaniye attestation de possession de parcelle, akababwira kw'ibindi bijanye na quittance bizoza mu nyuma.
Ng'uyo rero umuhinga adasanzwe, umwizerwa Perezida Ndayishimiye, yaraye abonye ko yoshobora gukwirikirana no gutunganya neza ibisagara muri OBUHA. Uyo akaba ari umwe mu bahinga umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yirirwa araririmba ko bazoshikana uburundi ku mbonakazoza y'igihugu cifashe mu mwaka wa 2040, hamwe n’igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060, mbere ubu akaba yaraye avuze ko uburundi buzoba bwifashe mu 2030, buzoba buteye imbere mu 2040 aravye umurindi ariko wo gushira abarundi ku kivi.
Naho biruko, abanyagihugu bambuwe amafaranga yabo, bafise icizere ko kumbure ko Aimé Irambona yaraye aronse igiti, ko yoba azobasubiza ayo mafaranga yabo. Yamara bakagira amakenga ko ubucuti afitaniye n’umukuru w’igihugu, butazotuma atabishura utwabo. Ku bwa bamwe mu banyagitega, intwaro ya Perezida Ndayishimiye ngo sibo bazobona irabavuyeko.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









