Turacabandanya nayankuru y‘inyuruzwa rya Etienne Ndayitwayeko yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine Buraza mu ndinganizo ya kera. Muri ino nkuru tukababwira abategetsi batatu (3) bo muri NDD-FDD bagizwe na Charles Ntawukirishiga, Congera Phil

Charles Ntawukirishiga, umukuru w'umugambwe muri Komine ya Gishubi afatanije na Congera Philippe yahoze atwara CNDD-FDD muri Komine Buraza yahahora na Rutozi Didace yahoze ari Musitanteri wa Komine Buraza, amakuru ava i Buraza avuga ko bitonze bategura uko Etienne Ndayitwayeko agandagurwa.
Batanguye gtuma bamwe mu mbonerakure kubanza kwica umwe mu batutsi bava ku mutumba Etienne Ndayitwayeko avako. Icipfuzo cabo bagabo batatu kwari ukugira bace batuma muri iyo misi nyene abica Etienne Ndayitwayeko yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa wa Komine Buraza ngo bice bivurwa ko ari abatutsi bo muri site ya Buraza bagiye kwihora Etienne ko yabiciye umuntu. Bidatevye umunyagihugu wo mu bwoko bw'abatutsi Buname Claver yaragandaguwe atabwa mu ruzi, inyuma y'iminsi 2 gusa Etienne Ndayitwayeko nawe aterwa iwe.
Ku wa 25 kigarama 2025, ku musi mukuru wa Noheli, imisoresore y'imbonerakure yatumwe kwica Etienne Ndayitwayeko. yoba yamutegerereye ku gitara c'uwitwa Bangiricenge aho Etienne yakatira yinjira muhira iwe. Hafi ijoro ryose izo mbonerakure zaramurindiriye zirabura kuko Etienne ngo yari yatashe kare aca aguma akina n'abana biwe i muhira kuri uwo musi mukuru wa Noheli. Zimaze kumubura, izo mbonerakure zaciye zitobora inzu Etienne yororeramwo inkwavu, zimwe baratwara izindi barakerera bata ngaho. Izo mbonerakure ntizagarukirije aho. Zaciye zigenda musi y'urugo rwa Etienne zifata umurima w'ibigori bitaraheka ziratemagura.
Inyuma yo gukora ayo marorerwa, izo mbonerakure zarakingiwe bikomeye. Nkuko bisigurwa n'abagumyabanga ba CNDD-FDD i Buraza mu ntara ya Gitega, Etienne Ndayitwayeko ngo yamaze imisi yiruka arondera ingene homenyekana abo bantu ngo bahanwe biranka.
Abegereye bose Ntawukirishiga Charles arongoye CNDD-FDD muri Komine Gishubi ku magenekerezo ya 26, 27 na 28 Kigarama 2025 mu gihe iryo shano ryakozwe ku wa 25 Kigarama 2025 yababwira ko abakoreye ayo marorerwa Etienne ari abagumyabanga bashavujwe n'ivyo Etienne ngo yari yarabakoreye akiri ku butegetsi muri Komine buraza.
N'imbere y'abategetsi bo hejuru iyo nyishu Charles Ntawukirishiga ngo ntiyatinya kuyitanga hagize uwumuterefona. Bamwe muri abo bategetsi ngo harimwo abagiriye inama Charles Ntawukirishiga arongoye CNDD-FDD muri Komine Gishubi kugira ngo areke kuza aravuga kw'iryo shano ryakozwe n'abagumyabanga ba CNDD-FDD. kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya 29 kigarama 2025, Ntawukirishiga ngo yarahinduye imvugo. Uwamubaza ku vyashikiye Etienne yamwishura ko Etienne Ndayitwayeko ariwe yiyibishije inkwavu, yongera yitemagurira ibigori, ariko ngo ntiyashobora kwerekana neza inyungu Etienne yarafise mukwiyononera.
Inyuma y'ivyo vyose, i Buraza haciye hatunganywa inama rukokoma, inama yari irimwo n'indongozi ziramutswa ibisata bitandukanye mu ntara ya Gitega hadasigaye inyuma buramatari w'intara ya Gitega. Icatangaje abitavye iyo nama akaba ari amajambo izo nzengo zose zahurizako, agaragaza ko zariko zitegura imitima y'abagumyabanga ba CNDD-FDD i Buraza ngo ntibazohungabane bamaze kwumva Etienne Ndayitwayeko yahora abatwenza yarazimanganye.
Iyi nkuru n’ubundi tuzoyibandanya ku musi wa mbere w'indwi iza. Abagumyabanga ba CNDD-FDD i Buraza bakaba babandanya bikugura bavuga ko batari bazi ko barongowe n'abaryanyi, ngo ni ngombwa ko Abarundi babikurako ngo nayo ahandi bazohonya abanyagihugu n'ababari inyuma barimwo.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









