• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kuri uyu wa 14 Ruhuma 2026, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye niho yashikirizwa amabanga yo kurongora umuryango w'Ubumwe bwa Afrika mu kiringo c’umwaka. Inyuma yo gushikirizwa ibimenyetso azokoresha, yagiriyeko ashikiriza ijambo abari bitavye ivyo b

Kuri uyu wa 14 Ruhuma 2026, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye niho yashikirizwa amabanga yo kurongora umuryango w'Ubumwe bwa Afrika mu kiringo c’umwaka. Inyuma yo gushikirizwa ibimenyetso azokoresha, yagiriyeko ashikiriza ijambo abari bitavye ivyo b

 
Hari nk'igihe c'isaha zine z'agatondo ku masaha yo mu Burundi, aho umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye yahabwa uburongozi bw'umuryango w'Ubumwe bw'Afrika. Bikaba vyabereye ku murwa mukuru w’igihu ca Ethiopia, i Adis Abeba imbere y'Abakuru b'ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, n’imbere y'Umunyamabanga mukuru wa ONU, n'abandi bategetsi batandukanye. Joao Lourenço, Umukuru w'igihugu ca Angola yahora aramutswa uwo muryango kuva mu mwaka uheze akaba ariwe yashikirije amabanga Ndayishimiye ishengero ryakinje.
 
Muri ivyo birori vyabereye mu nama ya 39 y'ibihugu bigize umuryango w'Ubumwe bw'Afrika vyabereye mu kibanza citiriwe Nelson Mandela kiri mu nyubakwa yo ku cicaro gikuru c'uwo muryango. Ibimenyetso nk'ibendera ry'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, n'ikimangu c'uwo muryango ni vyo uyu mu nya Angola yahaye Ndayishimiye imbere yo kumushikiriza intebe yahora yicaramwo. Evariste akaba n’Icegera ciwe ca mbere umukuru w'igihugu ca Ghana, Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya nawe akazomufasha nkicegera ciwe ca kabiri, mugihe icegera ciwe ca gatatu coco bitarashobora kuja ahabona.
 
Mw’Ijambo ryiwe Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, igihe yari amaze gushikirizwa ubutegetsi bwo kurongora Inama y’Abakuru b’Ibihugu na ma Reta bigize Umuryango wa Afrika, Ndayishimiye yavuzeko ashimiye abari ngaho, ngo kucizere bamugiriye, ngo nico bagiriye Uburundi n’Abarundi bose. Acavuga ko ari ibanga rikomeye cane. Kubwiwe ngo yaciye yibaza ati: nduguruye twamugina « Mbega jewe ndi nde ngo ndongore Afrika muri uno mwaka? » ndugaye twamugina. Kuriwe ngo yemera ko Imana itoranya abo ishaka kandi ikabaha inkomezi. Ngo nico gituma yemeye iryo banga yicishije bugufi, ngo yitegurira gukorera Afrika n’abayibamwo bose.
 
Bitamworoheye ubona ko umukuru w’igihugu c’uburundi asanzwe afise ikibazo co kuva indimi zamahanga neza, Evariste Ndayishimiye yabandanije amenyesha ko Uyo munsi, ngo icubahiro bahaye Uburundi ngo ni ikintu c’akaroruhore mu mateka. Kuriwe ngo kirerekana ko bizera igihugu camaze guca mu bihe bigoye vy’amateka, ngo ariko kikiyubaka biciye mu biganiro, mu kunywanisha abantu no mu gushira imbere ubushake bwa politike. Ibibonwa nko kwiha amenyo yabatwenzi ngo kuko mu burundi hakirangwa ibibazo vya politique kandi bikomeye kuva mu mwaka w’2015, yamara ngo umukuru w’igihugu bikaba vyaramunaniye gutunganya ibiganiro vyohuza abarundi kugira ngo igihugu gisubire kugira iteka nyabuna.
 
Naho Evariste Ndayishimiye yakomeje kwizeza abari muri ivyo birori ko abizeza ko Uburundi buzorangura iryo banga bwumviriza bose, butarobanura kandi bukorana n’ibihugu vyose ku neza ya bose. Mbere ngo bukazokorana n’ibihugu vyose hamwe na Komisiyo ya Afrika kugira barondere ivyumvikanwako na bose.
 
Abatari bake mubumvise ivyo yavuze, bamenyesha ko kiretse kujaganya no gutobanga uwo muryango bizomuranga bigatuma nuburundi butakaza isura yabwo mu makungu, ngo ntaciza nakimwe biteze kwazoshikana kuri uyo muryango, Abandi nabo batubwiye ko amanyanga n’amabi yakoze mu muryango wibihugu vyo mu buseruko EAC yakoze, ngo na cane cane intambara yakomeje yo muri Rebulika iharanira intwaro rusangi ya Congo ngo ntibizopfa vyibagiranye gushika no kubuzukuru biwe. Ko rero atakintu nakimwe bamwitezeko. Mu makuru azokwirikira tuzobashikiriza imigambi mikuru mikuru yabwiye abategetsi batandukanye ko azorangura mu kiringo ciwe.
 
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !