Kwishima ngo ni uko uburundi bugiye kurongora Afrika, ni ukwikemesha canke kwimaramaza imbere yabantu, kuko kurongora iryo shirahamwe ari ikintu gisanzwe cane, ahubwo kubera ibibazo bibandanya kuba umuzi wibuye, vyari bikwiye gutuma Abarundi biyamiriza in

Mugihe abagize leta y’uburundi nabari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, birirwa baravyina batamba batarika ko uburundi ngo bwaraye bukoze amateka mu kuba bugiye bukorongora umuryango w’ibihugu vya Afrika, n’abavunira akagohe abarundi ko badakwiye gutakaza umwanya murivyo ngo kuko atakintu kidasanzwe cabaye babandanya kwibonekeza, Faustin Ndikumana n’umuhinga muvyubutunzi akaba arongoye n’ishirahamwe Parcem, avuga ko kurongora ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ari ikintu gisanzwe cane ngo kuko ari ugukurakuranywa ku gihugu, aho kiramukirwa.
Kubwiwe nta kintu Uburundi bwakoze gitangaje kuko nibwo bwari busigaye bwonyene muri aka karere butararongora iryo shirahamwe. Kubwiwe abona ko kwishima ukishimiriza ngo nuko ugiye murayo mabanga ntaho bitaniye no Kwikemesha ijambo ryitiranwa no kwimaramaza imbere yabantu.
Nkuko bibandanya bisigurwa nuyo murundi umwe rukumbi asigaye yubahuka kuvuga atarya umunwa kubitagenda neza mu Burundi, akongera akaba n’umuhinga muvyubutunzi, amenyesha ko abarundi aho kwishima ngo bari bakwiye kumenya ko ahubwo arizindi dépenses ziyongereye kuburundi ngo kuko uwo muryango usanganywe ibindi bibazo.
Faustin Ndikumana, akaba yatanze uturorero ko uburyo bukenerwa kugira ngo uwurongoye uwo muryango ashobore kurangura ayo mabanga neza nko kwiyunguruza n’ibindi ko butangwa nigihugu kiba caramukiwe kurongora uwo muryango. Akaba yagiriyeko yibutsa President Ndayishimiye ko yibuka ko yatorewe ibibazo vy'Uburundi kandi ko bidakwiye kwibagirwa.
Nayo kubibaza ko uburundi kuba burongoye uwo muryango vyoba bizotuma abanyamahanga bazana imitahe yabo mu burundi, ngo nibareke kwihenda ngo kuko ivyo bitari muri politique yuwo muryango. Abarundi rero ngo nitugerageze tuve mu mw'ijima, Abarundi twese ngo nitwabona kure n'indongozi, ngo niho tuzova muri aka kaga turimwo.
Tubibutseko kiretse abari muri leta n’umugambwe CNDD-FDD, iyindi mirwi itandukanye yose y’abarundi yagumye ivuga ko kurongora umuryango w’ubumwe bwa Afrika ari ibintu bisanzwe canee mbere ko atanico bizokungura uburundi. Ivyo biri uko mugihe hirya no hino mugihugu muri leta no mu mugambwe CNDD-FDD, hoho basya batazambaye ngo baraye banditse amateka.
Hagati aho ibibazo bidasanzwe nko kubura igitoro, ifumbire amahera yagaciro nibindi bibandanya kuba umuzi wibuye, abarundi rero ngo aho gusamazwa nivyo, no guhitamwo guhunga nkuko biriko biragenda, ahubwo ngo bari bakwiye gufatana munda bakiyamiriza intwaro ya Ndayishimiye kuko babona kwitazi iyo iriko irajana igihugu.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









