• Home
  • ACTUALITÉS
  • Jenerari Alain Guillaume Bunyoni, yarekuwe, ahabwa n’uburenganzira bwo kuza kwivuza ariko ataha i Muhira iwe

Jenerari Alain Guillaume Bunyoni, yarekuwe, ahabwa n’uburenganzira bwo kuza kwivuza ariko ataha i Muhira iwe

Nkuko amakuru ariko arashikira uruganda rwa Radio Haguruka abivuga, uwahoze ari Umushikiranganji wambere Jenerari Alain Guillaume Bunyoni, yarekuwe, ahabwa n’uburenganzira bwo kuza kwivuza ariko ataha i Muhira iwe.

Jenerare Bunyoni yari amaze igihe arwaye akaba yaratabarijwe n’abatari bake basaba ko yoroswa uburenganzira bwo kwivuza. Nimugihe vyavurwa ko yasa n'uwataye ubwenge, mbere ko atari akibasha kuvuga. Ico gihe vyavurwa ko n'iyo hagize abagenda kumuraba mu cumba bamusanga yinyegeje musi y'igitanda.

Inyuma gatoya yarinjijwe ibitaro bikuru vya Gitega ku wa 09 Gitugutu 2025, ariko abatari bake bakaba bari bagumye basaba ko yomanukanwa i Bujumbura kuvurirwayo. Yahavuye amanukanwa kuvurirwa mu bitaro vyigenga Kira Hospital i Bujumbura. Inyuma yaho gatoya yabandanije kuremba no kumera nabi, kuburyo hahavuye hashirwaho umurwi w’abategetsi bakuru mu bisata bitandukanye begereye umukuru w’igihugu bakwirikiranye ingene yari amerewe ico gihe yari mu bitaro vyo Kira Hospital. Yamara ntivyabujije ko agarukanwa mu bitaro mpuzantara vya Gitega, aho yari amaze igihe n’ubundi arwariye, hakaba hari hacunzwe cane n'abajejewe umutekano.

Kuri uyu muhingamo wo kuri uyu wa 11 Ntwarante 2026, niho uwo yahoze ari Umushikiranganji wa mbere yasohorwa ibohero rikuru rya Gitega, nkuko amakuru yashikiriye uruganda rwa Radio Haguruka abivuga.  Jenerare Alain Guillaume Bunyoni akaba yatwawe ni imodoka y’abarwayi (ambulance), bikavurwa ko yari ameze nabi cane. Akaba yahawe n’uburenganzira bwo kuza kwivuza ariko ataha i Muhira iwe.

Nkuko ayo makuru abandanya abivuga, ayo mahirwe yo kuvurwa aakongera agataha iwe, ntiyahawe Bunyoni wenyene, ahubwo hari na Coloneri Michel Kazungu, umwe mu basirikare bapfunzwe bagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015, nawenyene yari amaze iminsi arwaye cane yahawe yahawe ayo mahirwe yo gutaha kwivuza kandi yidegemvya.

Tubibutse ko Bunyoni yakuwe mu mabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere mu kwezi kw’icenda umwaka w’2022, acarafatwa muri ndamukiza 2023, bamusanze aho yari anyegeye ku mukuru w'umutumba ku Mubone. Mu nyuma yahavuye ajanwa gupfungwa mw'iperereza i Bujumbura, mw'ibohero rikuru rya Ngozi, no mw'ibohero rikuru rya Gitega aho yateguriwe agasho kadasanzwe gatuma atabonana n'abandi bantu.

Umushikirizamanza yari yasabiye General Alain Guillaume Bunyoni, igihano co gupfungwa ubuzima bwose, ku vyaha indwi arivyo vyibi :

  • Guhungabanya umutekano w'igihugu
  • Guhungabanya ubutunzi bw'igihugu
  • Gutuka izina ry'umukuru w'igihugu n'iry'umushikiranganji wa mbere
  • Gutegura kugandagura umukuru w'igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zisunga ibwirizwa shingiro
  • Gutunga ibigwanisho adafitiye uruhusha
  • Kuronka inyungu mu buryo buciye kubiri n'amategeko
  • Gukoresha amangetengete (fetiches) mu kugerageza kugandagura umukuru w'igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zisunga ibwirizwa shingiro

Kuri ivyo vyose, Jenerare Alain Guillaume Bunyoni yarabihakanye, ahubwo akaba yari yasavye kugirwa umwere akarekurwa akidegemvya. Mu mburano ziwe akaba yari yagirije umushikirizamanza ko ata bintu bifadika yigeze azana vyo kwerekana ingene yakoze ivyo vyaha.

 

N’inkuru tuzobandanya.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA

 

Partager cet article !