Ngo nta nkeka ko ivyo Evariste Ndayishimiye ariko arakora ariko arisema

Naho umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri ku butegetsi CNDD_FDD, Reverien Ndikuriyo, yirirwa arikiragiza ko intara avukamwo ya Burunga ngo ari intara igeze kure mu iterambere, mbere ko ari yo ntara ya mbere, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye wewe ahejeje kumwereka ko ivyo avuga ari ukubesha, akaba yatangaje ko mu Burundi bwose intara ya mbere ari intara ya Buhumuza.
Muri ivyo birori vyo guhimbaza Umunsi Mpuzamakungu w'Abakozi n'akazi, vyabereye ku murwa mukuru w'intara ya Gitega, umukuru w'igihugu ntiyibagiye gushimira no gushimagiza Angeline Ndayubaha, umukenyezi wiwe, mu kumuha agashimwe ngo ko yakoze ibikora inka mbere ko n'isi yose imushima, akaba yaciye amuhamagara amuha agashimwe karimwo imodoka ya Rusehabaniha (Ambulance).
Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye na we nene yagiriyeko yishimagiza ko yabaye uwa mbere, ngo kuko n'umugambwe CNDD-FDD uheruka kubimushimira mu kumuha agashimwe ko kumugira umukandida azoserukira uwo mugambwe mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije. Asa n'uwimoka canke akora kw'itama abandi banye politike, yavuze ko na bo bocagura abo bazohangana, ariko bafise igihagararo nk'ico afise, bisigura ko yariko arababwira ko ata wuriho bazohiganwa.
Mu bagize ico babwira Radio Haguruka, harimwo umwe yatubwiye ko ibiriko birakorwa na Evariste Ndayishimiye, ngo bishobora kuba bisa n'ibikorwa vyiwe vya nyuma, nk'aho yoba yisema. Yavuze ko wewe ata mubona nk'umukuru w'igihugu mu myaka iri imbere. Tumubajije ico abivuga yishimikije, yitwengeye aca atwibutsa ko n'igihe umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yiyimika nk'imboneza yamaho, na ho nyene ngo vyagaragara ko Ariko Risema. Ngo n'ubu nta nkeka ko ivyo Evariste Ndayishimiye ariko arakora ariko Arisema. Ati : « Ngejeje_ngaho. »
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









