• Home
  • ACTUALITÉS
  • Bamwe n'abandi babandanya kuvuga ko umugwi CVR uriko utanga amazu uvuga ko yanyazwe mu mwaka w’1972 ngo urahengamye, ngo nturiko uranywanisha abarundi ahubwo uriko utegura intambara hagati y'imiryango izokwaduka muri kazoza

Bamwe n'abandi babandanya kuvuga ko umugwi CVR uriko utanga amazu uvuga ko yanyazwe mu mwaka w’1972 ngo urahengamye, ngo nturiko uranywanisha abarundi ahubwo uriko utegura intambara hagati y'imiryango izokwaduka muri kazoza

 

Amazu yo kubamwo yegukira reta yahawe Agaciro mu mwaka w'1973 bikozwe n'abafundi mu vy'ubwubatsi bajejwe inyubako za reta, ico gihe bavuga ko arabo muri T.P, Travaux Publics mu ndome zose. N'inyuma yaho umushikiranganji w'ibikorwa vya Reta, ugutwara abantu n'ibintu hamwe n'ivyankenerwa mu kazi ka reta Longino KANUMA, asabiye inama nshikiranganji muri uwo mwaka nyene ko yokwemeza kw'amazu ya reta agurishwa kuko yatwara uburyo bwinshi bwa reta, nayo iravyemeza.

Amazu ya reta mu gisagara ca Bujumbura akaba yari afise  agaciro kari hagati y'ibihumbi 400 n'ibihumbi 700. Inzu imwe gusa niyo yari ifise agaciro karenga ku  muliyoni umwe n'ibihumbi 100. Imbere yo mu 1972, nta mukozi wa reta yaba mu nzu ya reta yitwa rwiwe.

Nkuko amatohoza ya Radio Haguruka avyerekana, abafundi mu vy'ubwubatsi bo muri TP mu 1973, basabwe kugenzura amazu yo kubamwo yegukira reta bakayaha agaciro, nta nzu n'imwe yashoboye kurenza agaciro k'umuliyoni umwe n'ibihumbi 200. Inzu imwe rudende, niyo yashoboye kurenza agaciro k'umuliyoni umwe n'ibihumbi 100. Iyo nayo ikaba ariyo kwa Rugambarara iri hafi ya Paruwasi Cathédrale Regina Mundi i Bujumbura. muri Rohero ya mbere. Ayandi mazu yose abo ba Ir bakora muri TP basanze afise agaciro kari hagati y'ibihumbi 400 n'ibihumbi 700.

Kubera ko ayo mazu ya Reta yatwara uburyo bwinshi bwa reta mu bijanye no kuyabungabunga, inama nshikiranganji yemeje mu 1973 ko agurishwa. Mu Ngagara ahitwa OCAF: Office des Cités Africaines mu kinyamazuru, hari hasanzwe naho nyene amazu ya Reta. Imbere yo mu 1973 nta n'imwe yari bwagurishwe na reta. Mu 1973 niho reta yazishize muri Banki BNDE irazigurisha. Abari basanzwe bazibamwo basinya contrats d'achat à tempérament, bisobanura ko kuriha ayo mazu vyakorwa bukebuke nkuko ayo masezerano yabivuga.

Kugira ayo mazu ashobore kurihwa n'abo bakozi ba reta bayaguze kw'ideni, reta y'ico gihe yaciye yorohereza abakozi kugira bagumane ubuzima bari basanzwemwo ibongera ibice 60% vy'umushahara wabo. Ayo niyo bakoresha mukwishura amadeni y'ayo mazu bafashe, bakaza barongerako inyungu za Banki. Inzu Shiramanga Dominiko yaguze ico gihe mu 73 ariyo umugwi CVR waraye uhaye abasigwa ba Ncahoruri Léonardo yishwe mu 72, yari asanzwe ayibamwo ari umushikiranganji w'ikigega ca Reta .

Bene kugura ayo mazu, bamaze kuyegukira, nabo barahindukiye bamwe baza barazigurisha. N'abazungu, imbere yo mu 1972 baraza bagatanga amahera menshi bakagura aho kwubaka. Nka quartier INSS yubatswe mu 1969 n'umuzungu yitwa Pujia ku mafranga ibihumbi 400 y'amarundi inzu imwe. Abiyubakira amazu muri Rohero ya kabiri batanguye kuyubaka mu mwaka w'1971. Kubera ko hari amashamba, uwashaka ikibanza co kwubakamwo inzu yiwe yatumbera umushikiranganji w'uburimyi akakimuha ku buntu. Ico gihe amazu yubakwa ku bihumbi 500, amajana atandatu, inzu nini gose izimvye yubakwa ku muliyoni w'amafranga y'amarundi. 

Nk'abishwe mu 1972, bari bariyubakiye amazu bafise impapuro ndangatongo, bisuzumwe neza vyoboneka kuko hariho abategetsi bakomeye b'ico gihe bari barabunzwe n'amacakubiri baciye birara mu bantu bakababwira ko ari abamenja bakabanyaga. Ibintu nk'ivyo bikaba biriko birakorwa kandi n'abategetsi bakomeye muri CNDD-FDD uno musi, aho badasiba kwihagira amazu, amatongo n'ibindi vy'abarundi baba abasanzwe bari mu mahanga ku mvo zitandukanye canke abahungiye mu Mahanga. Aha tugatanga akarorero k'amazu y'ikigo Maison Shalom mu Ruyigi, umunyamabanga mukuru wa cndd-fdd Reveriyano Ndikuriyo yihagiyemwo ayatari make ayakoreramwo ivyiwe, izindi nyubakwa nazo nyene zikaba zaranyazwe.

Bamwe n'abandi bakaba babona ko umugwi CVR uriko ukoreshwa n'abategetsi b'abahutu bakomeye muri CNDD-FDD bariko bihora abategetsi b'abatutsi bari bakomeye mu 1972 bagaheza bagakora bimwe. Naho n'ubundi bamwe n'abandi bahera mukuvuga ko umugwi CVR uhengamye ugakoresha amanyanga ugatanga inzu canke amatongo nk'ukwihora, gutyo ukaba utariko unywanisha abarundi ahubwo uriko utegura intambara hagati y'imiryango izokwaduka mu bihe biri imbere.

Mu ndwi iza tukazogaruka ku bijanye n'iki gikorwa c'umugwi CVR co gutanga amazu n'amatongo bivugwa ko vyanyazwe muri kahise.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA

Partager cet article !