• Home
  • ACTUALITÉS
  • Basaba ko ahabwa uburenganzira bwo kumanukanwa i Bujumbura ahari ibitaro bifise ibikoresho bikwiye kugira ngo bakize amagara y'umunyororo Mugenzi wabo. Abo ni abanyororo bapfungiwe mw'ibohero ry'i Muramvya, batabariza Général Ndayisaba Célestin, amaze igi

Basaba ko ahabwa uburenganzira bwo kumanukanwa i Bujumbura ahari ibitaro bifise ibikoresho bikwiye kugira ngo bakize amagara y'umunyororo Mugenzi wabo. Abo ni abanyororo bapfungiwe mw'ibohero ry'i Muramvya, batabariza Général Ndayisaba Célestin, amaze igi

Nkuko amakuru dukura mw'ibohero rikuru rya Muramvya avuga, Général Célestin Ndayisaba yahora apfungiwe muriryo bohero, amaze igihe arwariye mu bitaro vy'i Muramvya. Muri kino gihe akaba ari indembe mbere ubuzima bwiwe ngo bukaba buri mu kaga nkuko twabibwiwe n'abanyororo bo mw'ibohero ry'i Muramvya. Abo banyororo bavuga kandi ko Général Célestin Ndayisaba yagerageje gusaba akatari gake kurungikwa mu bitaro vy'i Bujumbura ahari ibikoresho n'ubuhinga bw'abaganga bisumba ivyo ku bitaro arwariyemwo i Muramvya, yamara ngo yarimwe  uruhusha.

Bafatiye ku makuru bafise y'ingene ubuzima bwa mugenzi wabo général Ndayisaba bwifashe muri iyi minsi, abanyororo b'i Muramvya basagasagira inzego zose zirimwo Umukuru w'igihugu, Évariste Ndayishimiye, umushikiranganji w'ubutungane, umushikirizamanza mukuru wa Republika hamwe n'umurwi ujejwe ivy'agateka ka zina muntu CNIDH, ngo bakora ibishoboka vyose Ndayisaba ahabwe uburenganzira bwo gushobora kumanukanwa i Bujumbura kugira ashobore kuronka ubuvuzi buhagije bashobore kurokora amagara yiwe ari mu kaga.

Ikindi abo banyororo basaba abo bategetsi, nuko  général Ndayisaba yohabwa n'uburenganzira nk'ubwahawe général Bunyoni bwo kugenda kwivuza ataha iwe hanyuma yitabweho n'umuryango wiwe nayo ubundi ngo bizoba bigaragaye ko Bunyoni yahakuwe n'igitsure ca Tanzaniya nkuko bivugwa na bamwe n'abandi. Muri ico gihe, Reta y'uburundi ngo niyaba itwarirwa muri Tanzaniya ngo ntaco izoba imariye abarundi kuko n'ubwigenge bw'igihugu ngo ntibwoba bukiriho, abarundi ngo boba baronse n'urufatiro rwo guhaguruka bakayiyamiriza.

Ku bwabo banyororo bamaze igihe bapfunganywe na Jenerare Ndayisaba, ariko bakaba babajwe n'uko amagara yiwe ageramiwe,  bamenyesha ko ubuyobozi bw'ibohero rya Muramvya hamwe n'ubushikiranganji bw'ubutungane, babandanije bamwima uburenganzira bwose arekurirwa n'amategeko, bakamwankira kujanwa kwa muganga,  ikizomushikira cose kizobaja ku mutwe.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !