• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari abapfungwa babiri mw’ibohero rikuru ry’abagabo rya Ngozi bariko batotezwa n’umukuru w’iryo bohero. Boba bahorwa ko bavuze ko umukuru w’ibohero ry’abagabo i Ngozi yahawe igiturire kugira atorokeshe abanyororo babiri. Umushikiranganji w’ubutungane n’Um

Hari abapfungwa babiri mw’ibohero rikuru ry’abagabo rya Ngozi bariko batotezwa n’umukuru w’iryo bohero. Boba bahorwa ko bavuze ko umukuru w’ibohero ry’abagabo i Ngozi yahawe igiturire kugira atorokeshe abanyororo babiri. Umushikiranganji w’ubutungane n’Um

 

Abanyororo AHISHAKIYE Samusoni na MUNEZERO Placide batotezwa bahorwa ko boba aribo batanze amakuru ajanye n’itorokeshwa ry’abandi banyororo babiri. Aba nabo ni Bamvuginyumvira Frédéric yatanze imiliyoni zibiri 2.000.000 na Kirapanze yatanze imiliyoni zine 4.000.000 bayaha umukuru w’ibohero ry’abagabo i Ngozi kugira ategure uko botoroka ibohero. 

Bamvuginyumvira Frédéric akaba yagirizwa kwica mukase akoresheje imbugita aho yakatiwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, Kirapanze nawe yagirizwa gusambanya ku nguvu  umwana w’umwigeme amwanduza n’umugera wa SIDA, nawe nyene akaba yari yaciriwe gupfungwa uwo guherayo. Ahishakiye Samusoni na Munezero Placide ubu bagirizwa kandi ko aribo boba baratanze amakuru mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu King Umurundi ngo ajanye n’ ibiriko birabera mw’ibohero rikuru ry’abagabo i Ngozi. Mukubandanya gutotezwa, abo banyororo babiri babwirwa ko bazojanwa muri documentation bakicirwayo. Ayo majambo  akaba ateye umutima uhaze abanyororo bo mw’ibohero rikuru ry’abagabo rya Ngozi.

Amakuru ava mw’ibohero rikuru ry’abagabo i Ngozi abandanya amenyesha ko umusi Kirapanze atoroka yasavye umuyobozi w’ibohero amuhe uruhusha rwo kuja kwandikisha abana ngo yamara yari asanzwe azi umukenyuro kuko uwo muyobozi yari yaramaze guhabwa amafranga ng’uwo munyororo areke atoroke. Uwo musi asohoka ibohero, nkuko bisanzwe bigenda ku bandi banyororo bahawe uruhusha rwo gusohoka ibohero, Kirapanze yahawe umupolisi amuherekeza, ngo yamara uwo mupolisi ntiyari azi ko atawe mu mutego n’umukuru wiwe mu kazi. Kirapanze ngo yaciye atoroka, ntiyagarukanye na wa mupolisi kw’ibohero. Uwo mupolisi aca aba ariwe atabwa muri yompi arapfungwa.  Mw’ibohero rikuru ry’abagabo i Ngozi bavuga ko mu Burundi iyo haba ubutungane nya butungane, uwari akwiye gupfungwa ngo yari umukuru w’ibohero ry’abagabo i Ngozi, we arya ibiturire agatanga billet de sortie ku banyororo batokarekuwe kuko baba babivuganye bakagiramwo, abapolisi batabwa mu mutego n’uwo mukuru w’iryo bohero bakarenganurwa.

Mw’ibohero ry’abagabo I Ngozi baratabariza Samusoni Ahishakiye na Placide Munezero bareke kuryamikwa hasi kw’isima kandi imatelas zihari, bagenzi babo bakaba babona ko abo banyororo babiri bagowe cane. Ukubwirwa ko bazojanwa muri Documentation, umukuru w’ibohero ryabo ngo ashobora kubikora kuko atari irya mbere azoba abikoze. Ngo baribuka umunyororo wo muri iryo bohero yitwa Bayubahe yigeze gusohorwa muri iryo bohero n’uwo muyobozi nyene, birangira yambuwe ubuzima, arazimangana burundu.

Umushikiranganji w’ubutungane n’Umukuru w’igihugu basabwa n’abanyororo i Ngozi gukurikirana ibiriko birabera muri iryo bohero, ivyha bikorwa n’umukuru w’iryo bohero abihanirwe. Biruko mu gihe abandi banyagihugu bamenyesha ko ata butungane biteze ku ntwaro ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD bagasaba abarundi bose kuja hamwe baharanire ubutungane nyabwo mu gihugu cabo.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !