• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umupfasoni Muhayimana Aline agize kane mu bakenyezi bapfiriye muri SAOUDIA mu barungitswe n’ishirahamwe ELFAYED, kurondera ubuzima muri ico gihugu

Umupfasoni Muhayimana Aline agize kane mu bakenyezi bapfiriye muri SAOUDIA mu barungitswe n’ishirahamwe ELFAYED, kurondera ubuzima muri ico gihugu

 

Abarundikazi barungitswe mu gihugu ca SAUDIA n’ikigo Elfayed bariko barapfira muri ico gihugu ata n’umwe ashoboye kubatabariza. Muhayimana Aline akaba ari umupfasoni agira kane yitavye Imana mu barungitswe n’ico kigo gikorera mu Burundi.

Umupfasoni Muhayimana Aline agize kane mu bakenyezi bapfiriye muri SAOUDIA mu barungitswe n’ishirahamwe ELFAYED. Akaba yiciwe muri ico gihugu mu gihe yariko yishuza amafranga yakoreye mu mwaka wose akaba yari amaze amezi arenga ane arwariye ku biro vyo muri SAOUDIA bikorana n’ishirahamwe yo mu Burundi ELFAYED. Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 23 Myandagaro 2026, Aline Muhayimana amaze kugandagurwa, abarabu bashatse kuzingazingira ikiziga ciwe mu gisashe ngo bagite mu micafu, abandi bakenyezi bagenzi we bagoranywe kuri ivyo biro, bibanka mu nda bavuza induru, igipolisi kirahagera kuraba ibibaye.

Kuva ku musi w’Imana uheze. Abo bandi bakenyezi b’abarundikazi tutamenye igitiri batabaje, igipolisi co muri SAOUDIA carabatwaye, nabo ntawuzi irengero ryabo. Reta y’uburundi irasabwa n’abantu bose bakunda kiremwa muntu kugira ico ikoze irwanire agateka k’abarundikazi bariko barabonera amagorwa atagira uko angina muri SAOUDIA na rirya ariyo yatanze uruhusha ku mashirahamwe aronderera akazi abarundi mu mahanga hakabura ikibakurikirana mu gihe bagize ingorane.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi hamwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu basabwa nabo nyene kugirira impuhwe abo bakenyezi bariko bagandagurwa bunyamaswa bagatabwa mu micafu bakabura ikibatabara, ababuriwe irengero nabo begere ishurahamwe ELFAYED ribafashe kubatabara.

Abarundi bamvise ivyo vyaraye bibaye bavuga ko ari agahomerabunwa kwumva muri kino kinjana abarundi bakirungikwa mu bihugu bafatwa nk’inyagano bakabura ikibatabara. Basaba abarundi kuva hasi bikureko intwaro ya CNDD-FDD itanezwe abo ijejwe.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !