• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ku myaka itandatu amaze kubutugetsi, Evariste Ndayishimiye, intwaro yiwe ibandanya kunyuruza abanyagihugu. Na Ngendahonankwa Diomède, wo mu KAMESA muri zone Musaga, gushika ubu ntawuzi irengero ryiwe

Ku myaka itandatu amaze kubutugetsi, Evariste Ndayishimiye, intwaro yiwe ibandanya kunyuruza abanyagihugu. Na Ngendahonankwa Diomède, wo mu KAMESA muri zone Musaga, gushika ubu ntawuzi irengero ryiwe

 

Ngendahonankwa Diomède, yavutse mu 1968 yaranyurujwe ku wa 31 Myandagaro 2026, isaha zitandatu z'umurango. Yafatiwe ahitwa mw'i kora muri zone Ruyaga ya komine Mugere. Abamufashe bari bambaye umwambaro w'igipolisi, bari mu modokari ifise ibiyo bitabona, imparati akaba ari 8795A bivugwa ko ariyo uwutwara iperereza muri komine Mugere.

Kuva uwo musi gushika igenekerezo rya 04 Nyakanga 2026 nk'uko bivugwa n'abegereye umuryango wiwe, abiwe baramurondera kuri terefone ntirengane ariko kuri whatsapp bakamutora aho baca baronka ubutumwa bubabwira ko yari yafashwe mugabo bamurekuye  ngo bamwihenzeko akaba ari ahantu hanyegeye ariko ntavuge ahariho.

Kugera ubu ntawuzi irengero ryiwe. Mw'iperereza ngo barahakana ko atari bo bamufashe. Ivyo bibaye mu gihe abana buca batangura amashure ku musi wa mbere w'indwi iza batari bwaronke ibikoresho n'amafaranga vy'ishure . Ni mu gihe umuryango wiwe urimwo abana 8 barimwo abahungu babiri n'abakobwa 6. Diomède akaba yahoze mu gisirikare, yirukanywe mu kazi mu 2012 akaba yari asanzwe aba mu KAMESA muri zone Musaga. Umuryango usaba ko uwabo yoboneka ntagirirwe nabi, afise ico yagirizwa ashikanwe imbere y'ubutungane yisigure.

Bamwe n'abandi bavuga ko igihugu gikorerwamwo amabi nk'aya, inzego zijejwe umutekano zihari, abajejwe intwaro bahari n'abandi, hama izo nzego zigahaguruka ngo ntimutubaze ivyo bintu ntavyo tuzi, yemwe ntizivuge nico zigiye gufasha kugira umuntu aboneke, ni akamaramaza, biteye isoni. Intwaro ya cndd-fdd iguma inyuruza abanyagihugu, ku bwa bamwe n'abandi, abanyagihugu bose nibashire ubwoba bahaguruke bayikureko.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !