Naho abakozi bo kubitaro vy'umwizero w'afrika vy'ikibuye « Hôpital Espoir d'Afrique », bamaze kwandika amakete yogusaba kurenganurwa, gushika ubu ntakirakorwa. Ubu bakaba bafise umubabaro n'agahinda ntangere batagira uwo babitura

Abaforoma bafise impamya bushobozi za niveau A2 bakorera kubitaro vy'umwizero w'afrika vy'ikibuye « Hôpital Espoir d'Afrique » hamwe n'abakozi batobato bakora isuku bita aba travaleus bafise umubabaro n'agahinda ntangere aho bidogera ubuyobozi bukuru bujejwe ibisata vyose vyegukira ishengero méthodiste libre muburundi « IMELEA » Initiative Libre pour Espoir d'Afrique, umwidogo w'abo bakozi ukaba ufatiye kugashahara gato bahembwa k'intica ntikize .
Mugihe bakora amasaha menshi kuva 7h 30 kugeza 17 h ikintu rero kitunvikana n'uko abaforoma bagenzi babo bafise impamya bushobozi ya kaminuza bo bahembwa neza caane kandi iyo mirwi 2 y'aba foroma bakora akazi kamwe kandi abo vyitwa ko bize make aribo bize neza uwomwuga babizi gusumba abo vyitwa ngo bize Kaminuza. Abo baforoma barababazwa caane noguhemwa inusu y'umushahara n'umuntu mukora akazi kamwe.
Twarasavye kenshi kwongerwa agashahara vyaranse benshi bafashe ingingo yo guheba akokazi ubu ivyo bitaro ntabakozi bifise bariko bikora kubagiheza ishure bari muri Stage ari nabo bafise ubumenyi buke navyo akaba ari gushira mukaga ubuzima bwabantu nk'uko vyibonekeje ubushize aho bene abo bastagiaire bari muri Stage professionnel bateye umuti utariwo abapfasoni 2 bagomba gukorwa birangira bitavye imana.
Turasavye uwitwa Evariste bimenyimana atwara « IMELEA » atange uruhusha twongerwe agashahara kuko birababaje caane gukora abandi bagahembwa mwubu buzima butoroshe. Ubundi bubegito bafise n'uko hariho ishirahamwe ry'abazungu rigaburira abarwayi bose bitura ivyo bitaro ariko abakozi ntibahabwe kwivyo bifungurwa.
Tubibutse ko Hôpital kibuye ari ibitaro v'yakarere k'ubuvuzi ka kibuye biri mu ntara ya Gitega commune gishubi. Turasaba kwongerwa agashahara kuko turiko dukorera ubusa tumaze imyaka 3 tudahabwa agashirukabute Reta itanga bita prime de base sur les performances kandi kama kabonetse kakaribwa n'abarongozi bishengero n'umuyobozi w'ibitaro.
Mwomenyako abo bakozi bamaze kwandika amakete y'ivyo basaba bakagirana n'umubonano, ngo yamara ivyo vyose vyarwijwe n'ubusa, ngo gushika nubu ntakirakorwa. Muri kino gihe tukaba turiko turagerageza kurondera Evariste Bimenyimana atwara « IMELEA » hamwe n’umuyobozi w'ibitaro Hôpital Kibuye Kibinakanwa Gilbert hamwe n’icegera c'umuyobozi w'ibitaro Ndikuriyo J Marie, kugira ngo tumubaze luri ayo marira yabo bakozi.
Vyanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.









