• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mbe yemwe yoba agiye kw’itwa Docteur, Evariste Ndayishimiye ? canke azokwongerako Jenerare Major ?

Mbe yemwe yoba agiye kw’itwa Docteur, Evariste Ndayishimiye ? canke azokwongerako Jenerare Major ?

Urupapuro rw'iteka rukunze gutangwa n'amakaminuza atandukanye kandi ku bantu batandukanye, mu ntumbero yo kubaha icubahiro ku bikorwa bene kuruhabwa baba barakoze mu bisata bakoreramwo, nirwo rwaraye ruhawe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Mu gihe bamwe bakunze guca bahindura amazina bakanezerezwa no kwitirirwa urwo rupapuro, ntawuzi nimba na Ndayishimiye yoba agiye kw’itwa Docteur Evariste Ndayishimiye, canke ko azokwongerako Jenerare Major akitwa Docteur Général Major Evariste Ndayishimiye, ubona nawe nyene ko ari mu baryohererwa kwitwa ibi na biriya.

Iyari mu gihugu c’Uburusiya, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yaraye ahawe urupapuro rumuha icubahiro ca « Docteur Honoris Causa » rwo kuri kaminuza RUDN yo murico gihugu c’u Burusiya. Urwo rupapuro rw'iteka, akaba aruhawe nk'ikimenyetso c'uburongozi bwiza, ubutwari bwiwe n'ubucuti afitaniye n’Abarusiya.

Nkuko bisanzwe bizwi kandi bimenyerewe, urupapuro rwa Docteur Honoris Causa, rutangwa n'amakaminuza atandukanye kandi ku bantu batandukanye, abari mu vy'uburongozi, abahinga, abagiraneza, n’abandi. Ntibarutanga bafatiye ku mashure canke ibikorwa vy'ubushakashatsi, ahubwo rutangwa nk'icubahiro ku bikorwa bene kuruhabwa baba barakoze mu bisata bakoreramwo.

Iyo Kaminuza ya RUDN yitiriwe Emery Patrice Lumumba yaraye imuhaye urwo rupapuro, akaba ari kaminuza ifitaniye ubucuti bukomeye n'ibihugu vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko, kuko yanashinzwe mu 1960 mu ntumbero yo guha akaryo abanyeshure b'ibihugu bikiri mu majambere kwiga. Bitegekanijwe ko na Félix Tshisekedi, umukuru w'igihugu kibanyi ca Congo ahabwa nawe nyene urupapuro nk'urwo.

Bamwe mu banyagihugu bamenye ayo makuru na cane cane abarundi canke abakongomani, bose batubwiye ko ahubwo urwo rupapuro ngo rutoba ari urupapuro rw’icubahiro bahaye abo bategetsi uko ari babiri, ngo kuko bimaze kwibonekeza ko vyabataye ku wamazi gushobora gutunganya ibihugu vyabo. Ku bwabo ngo iyo bapfuma bavyita urupapuro canke umudari w’ubumaramare babahaye ngo ubona ko birirwa barakinda bagaramye mu gutikiza inganda, aho abarundi n’abakongomani ngo birirwa barereka umukondo ijuru, bishwe n’inzego zihabwa amategeko nabo bategetsi uko ari babiri. Hari n’abatubwiye ko ata hantu vyohera ngo abo bantu bashimirwe n’intambara bateje iriko irabica bigacika mu karere.

Vyanditswe na Mbazumutima Don de Dieu

 

Partager cet article !