Umunezero Abanyamerika bafise uyu musi, urashobora kuzoruta cane kure umunezero Abarundi bazogira umunsi bazosenyurira hasi urusyo rw’intwaro ya CNDD-FDD

Uyu munsi Abanyamerika bafise munezero udasanzwe, inyuma yamatora yaraye abaye, yatumye umugambwe w'aba Démocrates uronka ibibanza vyinshi mu nama nkenguzamateka hamwe no mu nama nshingamateka y'ico gihugu ca Amerika, ivyo bibanza vyinshi ukaba uvyatse umugambwe uri kubutegetsi w'aba Républicains.
Uwo munezero Abanyamerika bafise, ntusigura ko bikuyeko intwaro ya Perezida Donald Trump, kuko aya matora yabaye, ari hagati mu kiringo ca kabiri. Ariko abo banyagihugu bashingiye ku bibazo umurengera uwo arongoye igihugu cabo yateje hirya no hino kwisi, ibibazo birimwo ivyintambara, iduga ry’ibiciro hirya no hino kw’Isi, ibibazo vy’impunzi n’abimukira, uretse uwo munezero bafise, ni n’ubutumwa budasanzwe abanyagihugu ba Amerika bashatse gutanga k’ubutegetsi buri muri ico gihugu bw’umugambwe waba Républicains na Donald Trump ko batakibushaka.
Mwomenya ko kugeza uyu mwanya, Aba Démocrates bafite ibibanza 225 mu nama nshingamateka kuri 136 y’Aba Républicains, mugihe mu nama nkenguzamateka naho bafite 54 kuri 43 y’Aba Républicains. Ivyo bikaba bigiye kuzotuma Perezida Donald Trump atagiye koroherwa no kwemeza imigambi yiwe kuko Aba Démocrates bazoba bafise ububasha bwo kuburizamo imwe mu migambi y’amategeko yiwe. Bisigura ko agiye guhangana n’Inama nshingamateka igenzurwa n’aba Démocrates.
Niko abantu bo mu mihingo itandukanye kw’Isi, baridoga kandi barababajwe n’ingendo yumukuru w’igihugu ca Amerika kuburyo bipfuza icomubakurako, mère nivyaraye bibaye aho biboneka ko binejereje abantu batari bake kw’Isi, ariko umubabaro abarundi bafise wo wararenze urugero kuburyo umunezero Abanyamerika bafise uyu musi, ushobora kuzoruta cane kure umunezero Abarundi bazogira umunsi bazosenyurira hasi urusyo rw’intwaro ya CNDD-FDD.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









