• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mbe yemwe Apôtre Emmanuel Manirakiza, iperereza rya Evariste Ndayishimiye, ryoba rigomba ku mugandagura ?

Mbe yemwe Apôtre Emmanuel Manirakiza, iperereza rya Evariste Ndayishimiye, ryoba rigomba ku mugandagura ?

Ifatwa n'inyuruzwa : Apôtre Emmanuel Manirakiza wo mw'ishengero Libre Luteriene riri ku Mutakura muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, yaranyurujwe n'abapolisi bo mw'ikambi API ijejwe gucungera inzego. Amakuru dukura mu bagenzi n’abayoboke b'uwo mukozi w'Imana, amenyesha ko kuwa 28 Gitugutu 2026, Apôtre Emmanuel Manirakiza niho yanyuruzwa.

Yavuye i muhira agiye kwivuza agenda atwaye imashini ngendanwa hamwe n'amaterefone y'abana biwe kugira ace kubikoresha hagati mu gisagara ca Bujumbura aho benshi bita kuri Bata. Ahageze nk'igihe c'isaha zitanu z'umurango, mu gihe yariko arahagarika imodoka, haciye hashika imodokari pick-up y'igipolisi gicungera inzego, API. Abo bapolisi bamukuye mu modokari yiwe baca bamushira muri iyo pick-up aba aragiye. Kuva ico gihe ngo nta gakuru ka Apôtre Emmanuel Manirakiza. Ubwoba ni bwinshi mu bantu yahora aha ubutumwa bw'ijambo ry'Imana . Ntibazi ko akiri muzima.

Amakuru dukura mw'iperereza ry'uburundi, Apôtre Emmanuel Manirakiza yarashikanywe mw'iperereza ariko nta muntu n'umwe mubarongoye iperereza canke abakorerayo, yemera ko apfungiwe ngaho, uwubaza wese bamubwira ko atawuhari. Iyo ngendo ikaba yama yibonekeje mu bihe bitandukanye no ku bantu batandukanye iperereza ryama ryihakanye kandi bari mu minwe y'urwo rwego, bamwe bagatinda bakaburwa irengero. Mw'iperereza kandi bavuga ko bari bamaze igihe kirenga ukwezi barondera Apôtre Emmanuel Manirakiza.

Abazi Apôtre Emmanuel Manirakiza bamenyesha ko ariko azira urwanko CNDD-FDD yanka abo mu bwoko bw'abatutsi kuko uwo mukozi w'Imana ata vya politike yajamwo ngo baheze biyumvire ko azira ivyiyumviro vyiwe vya politike. Akaba yanyurujwe inyuma y'abandi bakozi b'Imana bo mu bwoko bw'abanyamulenge ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwanyuruje aho atawuzi aho bwabashize. Tukavuga nka Pasitori Jalos Nkunda Kilayi yanyurujwe kuwa 08 Nyakanga 2026, Pasitori Marc Rugenza na Pasitori Gédéon Nzayitegaho banyurujwe kuwa 10 Nyakanga 2026.

Abagenzi ba Apôtre Emmanuel Manirakiza basaba iperereza na reta y'uburundi kwerekana aho uwo mukozi w'Imana ari, yagigwa n'icaha bamushire imbere y'intahe abazwe bareke kumuzimanganiriza ubuzima, nkuko bakunze kubikora.

Abandi barundi baguma bumva ingene ubutegetsi bwa CNDD-FDD buguma bunyuruza abantu bavuga ko abarundi bose bakwiye kugira urunani bakikurako ubwo butegetsi buguma bunyuruza abantu.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !