• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kubona atabutumwa umugambwe uri kubutegetsi, umukuru w’igihugu canke urundi rwego urwarirwo rwose burasohoka bwo guhoza imiryango y’abanywanyi ba CNDD-FDD baraye bagize impanuka, ngo birababaje kandi birateye agahinda ?

Kubona atabutumwa umugambwe uri kubutegetsi, umukuru w’igihugu canke urundi rwego urwarirwo rwose burasohoka bwo guhoza imiryango y’abanywanyi ba CNDD-FDD baraye bagize impanuka, ngo birababaje kandi birateye agahinda ?

Naho atabutumwa umugambwe uri kubutegetsi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye canke urundi rwego urwarirwo rwose burasohoka bwo guhoza imiryango y’abanywanyi ba CNDD-FDD baraye bagize impanuka, abarenga kuri 53 baraye bitavye Imana bahitanywe n'isanganya ry'imodoka ryabaye kuri uyu wa 15 Munyonyo 2026, hariya muri Komine Busoni, intara ya Butanyerera muri Zone Murore umutumba Kabanga.

Nkuko amakuru uruganda rwa Radio Haguruka dufise akemwe muriyo akemezwa n’Igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko imodoka yo mu bwoko bwa Fuso yari yunguruje urwaruka rw'umugambwe CNDD-FDD rwari ruvuye mu bikorwa vy’umugambwe ku Mukinya muri zone Mubuga muri komine Ngozi, niho umudereva wiyo modoka ngo yananiranye gufata ifire.

Mu makuru igiporisi camenyesheje, avuga ko ngo abantu 25 baciye bitaba Imana ubwo nyene, iryo sanganya rikiba, ngo nayo abakomeretse ngo baciye bajanwa ku bitaro vyo ku Mukenke ariko hongera gupfamwo abandi batandatu, ngo baca baba 31. Ariko amakuru yo kwizera dufise, yemeza ko isanganya rikiba ngo hapfuye abantu bagera kuri 37 nayo abagera kuri 16 bakaba bapfiriye kwa muganga, mugihe hari abagera ku 8 nabonyene biboneka ko batazokira. Vyumvikana ko gushika ubu hamaze kwitaba Imana abagera kuri 53, Radio Haguruka ikababazwa no kubona leta y’uburundi irondera kunyegeza abanyagihugu bapfuye mu buryo nkubwo.

Nayo kubwabanyagihugu tumaze kuvugana, ngo birababaje kubona gushika kuri aya masaha, atabutumwa umugambwe uri kubutegetsi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye canke urundi rwego urwarirwo rwose burasohoka bwo guhoza imiryango y’abanywanyi ba CNDD-FDD baraye bagize impanuka, ngo mu gihe n’abanyamahanga bagize impanuka benizo, ngo bama babona umukuru w’igihugu aca yihutira gusohora ubutumwa bwo guhoza ibihugu n’ama leta aba yagize ivyo vyago. Ngaha bakavuga isanganya riheruka kuba mu gihugu ca Tanzaniya. Sivyo gusa, baributsa ko abasirikare birirwa baricwa abandi baburirwa irengero mu Kongo, ko atabutumwa arigera asohora bwo guhoza imiryango yabo, bakaba bapfa bakazimangana nkaho womenga ntibazwi.

Tubibutseko muri kino gihe ibiziga vy'abahitanywe n'iryo sanganya biri mu buruhukiro bw'ibitaro vya Ngozi no mu Kirundo. Nayo abajejwe intwaro n'igiporisi bakaba barashitse aho iryo sanganya ryabereye, nk'uko igiporisi kibimenyesha.yamara umugambwe CNDD-FDD ntakajambo urigera ushikiriza ko guhoza canke kwerekana ko uri kuruhande rwabanywanyi bawo baraye bitavye Imana bavuye mu bikorwa vyuwo mugambwe.

Bamwe rero bakababazwa no kubona umugambwe uri kubutegetsi igira inyifato nka benizo na cane cane ko n’iryo sanganya rije rikurikira irindi ry’imodoka nyene ryaheruka kuba kuri uyu wa 12 Munyonyo 2026 ryahitanye abantu batanu muri Komine ya kera ya Giheta mu ntara ya Gitega bariko bariyunguruza mu miduga isanzwe yunguruza abantu. Ni mugihe abandi babona ko intwaro ya CNDD-FDD ngo ari nkumukoshi bahuye nawo baravye ivyago n’amakuba bayiboneyeko.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !