Inyuma y'ukutumvikana n’impari zidasanzwe zaranze abakuru n'amareta, umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo, yongewe ikiringo c’umwaka ari umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe OIF

Mugihe hari hategekanijwe amatora yo gutora umunyamabanga mukuru aserukira ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa mw'ishirahamwe OIF kuri uyu musi itariki 16 munyonyo 2026, amatora yari kubera Phnom Penh mu gihugu ca Cambodge, ntiyabaye akiba, ahubwo uwahora ari muri ayo mabanga, umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo, yongewe ikiringo c’umwaka ari umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe OIF.
Ahubwo inyuma yo kutumvikana kw'abakuru b'ibihugu n'amareta, mu nama rukokoma igira 20 yabahuza, hafashwe ingingo yo kwunguruza amatora inyuma y'amezi 12. Murico kiringo c’uwo mwaka, Louise Mushikiwabo akaba ariwe abandanya kuba umunyamabanga mukuru wa OIF. Uwo mupfasoni akaba yari arangije ibiringo bibiri ari umunyamabanga, impari zikaba zadutse mu gihe yari mu bahiganirwa kurongora iryo shirahamwe, kuriwe kikaba caca kiba ikiringo kigira gatatu, ariko bikaba vyari bikwirikije amategeko.
Nk'uko amakuru atandukanye aturuka mu gihugu ca Cambodge i Phnom Penh, ahariko harabera iyo nama abivuga, uko kutumvikana kwari guhagaze ahanini ko Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo itari ishigikiye ko Louise Mushikiwabo asubira kwitoza mu kiringo ca gatatu, biturutse ku mubano mubi uri hagati yivyo bihugu uko ari bibiri urwanda na Kongo.
Nk'uko ivyumvikanyweko bivyerekana, ico c’umwaka umupfasoni Louise Mushikiwabo yongewe, azogikoresha mu gufasha mu bikorwa vyo guhindura no kunagura ingene iryo shirahamwe rikora. Ariko akaba ataburenganzira afise bwo kuzoshobora kwitoreza ikindi kiringo inyuma y'ico yongewe c’umwaka.
Mwomenya ko abariko barahiganirwa ico kibanza bari abagera kuri bane (4), abo nabo akaba yari :
- Louise Mushikiwabo, umukenyezi yamuka mu gihugu c’u Rwanda, akaba yari nawe munyamabanga Mukuru muri kino gihe ;
- Juliana Amato Lumumba, wo muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC) ;
- Dacian Cioloș, yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Rumaniya.
- Coumba Bâ, yahoze ari umushikiranganji muri Mauritanie.
Naho umukuru w'igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye, ariwe arongoye inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bwa Afrika, ntiyigeze ahonyozayo n'ikirenge, eka mbere ntanico yakoze kugira ngo afashe mu gukemura ibibazo vyariko biraba mu bijanye n'abariko barahiganirwa kurongora uwo muryango harimwo abamuka ku mugabane arongoye muri kino gihe.
Mu biganiro vyabaye, ibihugu bimwe bimwe vyashaka ko Dacian Ciolos, ashigikirwa n'ubwumvikane bw'ibihugu vyose, mu gihe u Rwanda rworwo rwashigikira Mushikiwabo kandi rugasaba ko haba amatora.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









